Amashengero Rukristo y’ Imana
[CB8]
Nowa n’umwuzure w’ Amazi [CB8]
(Ivyasohowe 2.0 20030825-20070122)
Nowa yar’umuntu
w’ ingeso nziza n’uwubaha Imana, ariko Isi y’uzuye ivyaha n’ugusigana hagati y’ abantu, murico gihe
Imana ibarira Nowa ko izogeseza isi n’abayibamwo. Iyi n’inkuru yasohowe mug ice
ca 3 n’4 mugitabo cImigani yo muri Bibliya ivyasohowe ubwa 1 na Bazil
Woleveriton, yacapuye n’uwuserukira ishure ry’ ubumenyi .
Christian Churches of God
Courriel: secretary@ccg.org
(Copyright ã 2003, 2007 Christian Churches of God, ed. Wade
Cox)
(Tr. 2009)
Izinyigisho zirashobora guhindurwa k’ubuntu no gutangwa kumategeko yuko
zishobora guhindurwa nkuko zimeze atakugabanywa canke guhindurwa ukundi. Izina
ry’umwanditsi n’ibimuranga bitegerezwa kwubahirizwa n’ukwerekanwa .Ntakiguzi
canke itangishwa ry’amafaranga mugihe c’ugusubiramwo zino nyigisho canke mugihe
c’ugukwiragiwa mumajambo magufi zirashobora gusubirwamwo mumashuri no
gusobanura utarinze gukurako ububasha n’uburenganzira.
Izinyigisho urashobora
kuzisanga muri bwaburyo bwa internet
http://www.logon.org/kirundi/ hamwe Na http://www.ccg.org/kirundi/
Nowa n’umwuzure w’ Amazi [CB008]
Tumaze kwiga
kumashure yacu y’intango ko Adamu na Eva bakoze icaha kandi ko birukanywe mw’itongo rya edini kandi ico cari igice
c’igihano cabo. Imana yabahaye abana babiri Kayini na Abeli. Kayini yishe mwene
wabo Abeli. Nk’igihano kanyini yarashizwe ko ikimenyetso n’ukwirukanwa kure y’
Umuryango wiwe kugirango abe umuntu
w’ukugendagenda hanze. Hanyuma A damu na Eva
baragira umwana w’ umuhungu yitwa Seti no murico gihe babandanije kubaho
baca baragira abana babirei kandi babahungu.
Tubandanije
dusanga ubuzima bw’abana ba Adamu yari
yaramaze kwononwa n’umubi satani kandi
vyarabandanije ko bononwa (Itanguriro 6:1-7 ) raba isomwa kayini na Abali [CB007]
kubijanye na Nephilimu naho ubuzima bwa Seti
bwahamagariwe mw’ Izina rya Yesu ( Itanguriro 4:25-26). Ibi vyerekana ko bari bafise ingeso nziza
kandi ko bakurikira amabwirizwa y’ Imana.
Adamu amaze
gushikana imyaka 810, Imana yacviye isubiza imyaka y’ abantu gushika kumyaka
120 (Itanguriro 6:3) Uguhitamwo kwashizwe kubantgu bivanye ningene imyifato y’
imibiri yako yategerezwa gukora ibikorwa inyuma y’ urupfu rwa Nowa. Kurwa
kw’abantu mu bigeregezo vya Satani bivana ningene Imana ihisemwo. Adamu yapfuye
afise imyaka 930 nimyaka 120 munyuma y’igabanurwa kw’ imyaka n’ Imana. Itariki
ya 810 kuri Adamu yari imyaka 3194 BCE.
Imana
nyen’ubushobozi yabonye agahinda k’abantu ingene kuzuye isi no kugeza
kurugero ca arahumuriza abantu. Imana iravuga “Ndindera umuntu yova
kw’ ishusho yr’ isi- Umuntu n’ ibikoko (Itanguriro 6:5-7). Imana yamenye ibi
vyose ko bizokoreka naho atari bwa reme
umuntu ningene kandi ubwuzure butari bwa shike
ko abakenyekezi beranda bazokora icaha. Kuberivyo intuntu z’ abantu,
Inama yarahisemwo gutikiza isi nzima kuburyo bwumwuzure y’amazi n’ubwanyuma
kandi igaca isubira kandi kurema.
Imana yamenye ko
umuntu adashobora kubaho mubuzima bw’icaha
bari kwonona ubugingo bwabo muburyo bubabaje cane. Inzira yayo yari kuba
y’ imbabazi nyinshi. Hanyuma yari kubazana mubugingo bw’ imyaka igihumbi
muminsi yimbere aho Umwana wayo Yesu kristo yari kuba afise itsinzi muriyi isi.
Ico cari ikinjana c’ izuka rya kabiri
raba isomwa God’s Holy Days [CB022] munsiguro ziuhagije kubijanye n’ izuka rya kabiri. Niho abantu baca batahura neza
kwubaha Umuremyi wabo, mugihe c’ izuka rya kabiri, ubwuzure bubi buzohera kandi
bizoba vyoroshe ku bantu gukurikira amabwiriza y’ Imana.
Nowa nk’ Umweranda
Murico gihe Imana
yamnye umuntu umwe wenyene yashatse
gukurikiza amabwiriza yayo. Uwo muntu yari Nowa (Itanguriro 6:8). Izina rya
Nowa risobanurwa ko “Ukuruhuka” bijanye n’Abaheburayo 5146. Se Lameki yabonye
ko Nowa yari gukoreshwa n’ Imana kuzana
akaruhuko kubantu bivanye n’ isi yari
maze kuvumwa. (Itanguriro 5:28-29). Nowa yarintungane ‘kandi yar’ Umweranda”
mururwo ruvyaro. Ivyo vyerekana ko ako atigeze ashigikira icaha mugihe ciwe na philimu aribo bimwe igihugu c’ izuka kandi bagize
inkirakamro amabwirizwa y’ Imana. Nimba Se na sekuruza yari uwafise ingeso nziza (Ezekiyeli 14:14, 20).
Mu myaka 500 ya
Nowa inyuma y’ukurera abana biwe batatu
(Itanguriro 5:32) shemu ariwe yari umuhererezi wiwe, hamu akagira kabiri na
Yari samurarwa (Itanguriro 10:21). Nowa yahawe ubuhanuzi n’ Imana ko azotikiza
isi n’ingenso mbi akoresheje ubwuzure
bw’amazi. Nowa yabariwe n’ Imana ko yokora ubwato bunini kandi asubire aburire
abantu kubijanye n’ingeso zabo mbi n’igihano kigiye gushika. Abantu bahawe
imburi zibiri z’ imyaka 50 buri mwaka (100) y’ukwihana. Mugabo ntibigeze bizera
Nowa kumyaka 600 Nowa nurupfu rwiwe hamwe na Metusela. Umuntu w’ umutama yabaye
kwisi kandi umwizigirwa wo murwego rwa
hejuru gushika kugihe ca Nowa, Imana ica iraza ubwuzure bw’amazi.
Nowa y’Ubaka ubwato
Imana yaha ye
Nowa amategeko meza y’ ingene azokubaka ubwato (Itanguriro 6:14-22) Nowa
ntiyigeze agaya canke kwerekana amacakubiri yubwo buhanuzi yahawe n’ Imana ko
atazokora. Yaremeye ubwo buhanuzi n’
ugukurikiza amategeko yahawe
(Itanguriro 6:22) yarafise ukwizera no kwubaha Imana naho atari kubona ibikorwa vyayo murico gihe
nyene. Mukwubaha Imana yakijije umuryango wiwe
abagararije bararize no gusya
insya z’amenyo (Abaheburayo 11:7). Ukwizera kwiwe kwa mushikanye ahantu ho kwubaka ubwato kandi aho nyene niho
haciye haba ubwuzure.
Abana ba Nowe
bakuze bafashije Se wabo kwubaka ubwato
no gufasha abantu hamwe n’ibikoko vyariko birinjira mu bwato. Abantu
bunvise inkuru z’ubwato barirukiye aho hantu no kuraba hamwe na gatwengo
kenshi ico bakora muri co gihe ahao
hantu bara mutwenga n’ ukuivuga ko Nowa yabaye umusazi.
Imyaka
yabandanije iba myinshi kandi n’iko n’ ubwato bwabandanije kuba bunini hafi
y’ukurangira Nowa n’abana biwe batatu.
Ntaco vyababwiye mugabo barabandanije gukora igikorwa cabo hafi y’ imyaka 100.
No mugihe cose Nowa yabandanije abibutsa ivy’ umwuzure w’amazi wario wegereje.
Kukubura ukwubaha Nowa ariko barya
barikwihana no kwubaha Imana bari kugira ibakwe. Ntanumwe yavyizeye atari Nowa
n’ umuryango wiwe gusa.
Ubwato burarangira
Abantu
baritegereje burya bwato nkigitangaro kuko ahantu ryakorewe ntiryari kureremba
hejuru y’amazi. Ubwo bwato bwri bunini cane gusumba n’ayandi mato yo kwisi,
n’inyubako yo hejuru yaringanira uburinganire bwa cumi kuri cumi! rateguwe kuba
rinini no kureremba hejuru cane. imbere
ryari riteguwe bijanye n’ingene ibikoko bingana nkuko vyari vyateguwe
kugitigiri c’ ignene vyategerezwa kwinjiramwo vyose. Imbere murubwo bwato
harimwo n’amazi y’ukunywa, ahantu huburyamo, hamwe naho gufungurira aho umuntu yategerezwa gukinjikira no
gufungura.
Mugihe inyubako
yarangira hamwe no gusiga irangirya
mazi Nowa yarafise imyaka amajana atandatu (600)! Abagore bari bafise imyaka
100 mugihe ubwuzure bwatangura. Bararushize abantu benshi bo muriki gihe naho
bapfuye mugabo igikorwa kinini
ningombwa gikoreke hariho igikorwa
c’ugushingura neza infungurwa no gushiraho ubwatsi harya imbere mubwato arivyo
vyari bikenewe kuri buri gitungwa harya indani.
Abantu barakomeje
gutwenga ico gikorwa ntibari gushobora
kwemera yuko isi nzima ishobora gutikizwa . Bari biyumviriye yipfuza gufata isi
n zima mugusigura.
Kubwivyo twebwe
turiho kandi twarahawe igitabo c’ ivyahishuriwe arico kidukebura iherezo ry’ isi. Natwe dusabwa kugira ivyizigiro
turindiriye Mesiya arivyo twizigiye. Abavugishwa nabo baraduhanura kubera
Mesiya w’ Imana n’iherezo ry’iyisi. Ishengero naryo riraduhanura kureka
ubugarariji n’ibikorwa vyacu bigayise
arivyo vyafashe aantu bose hamwe n’ isi n zima. Aho kugirango bakurikire
n’ugufata izo mpanuro abantu bose basigaye bipfuza kubaho ubuzima bworoshe
n’uwkikundira ibibahimbara n’ukubanezereza nugukora ibikorwa bitobito. Ivyo
nyene ibijuju vyaraboshwe kutavuga mugihe co kwa Nowa, abantu bomuriki gihe
nabo nyene bazocika ibiragi kukutavuga. Mugitabo ca Matayo 24:36-38 hamwe na
Luka 17:26-33.
Kurya nyene mugihe co kwa Nowa no muriki gihe
nyene kibandanya c’iyongera . Benshi ntibacubaha imburi. Imana ntishaka ko
abantu bayo bocibwa urubanza imbere yuko abantu biwe atarabaha imburi biciye
mubavugishwa. (Amosi 3:7)
Ibikoko vy’ipfuza Inzu
Ntivayri vyoroshe
kunri Nowa kwumva amajambo yabantu muriyi myaka yose yahitiye niyizoza
niyabaye. Ariko yarafise ivyizigiro ku Mana yiwe kandi yarafise ukwizera yuko ubwato bugiye
kurangira kwubakwa kandi yubatse ashira imiryango impande zose zibiri kugirango
ibikoko bibashe kwinjira imbere mubwato. Ibi vyari mukwizera kwa Nowa mu
kiringo c’ Imyaka 100 y’ ugusenga Imana mu bwato rya rubakwa kandi cari igihe c’abantu guhabwa imburi.
Igihe kimwe barya
batwenga baratewe n’agatangaro babonye
ubwato. Bur’ubwoko bw’ inyoni n’ ibikoko
bukoraniye hambavu y’ubwato n’ukwinjira (Itanguriro 7:8-9) Imana yahaye
ivyaremwe vyose amategeko ngenderwako kandi vyarinjiye mubwato kumategeko ya
yonyene naho abandi bari muburyo bwivyaremwe.
Ibikoko n’inyoni
nziza vyarikumwe n’abantu , muburyo bwa bibiribibiri n’ibikoko vyarinjiye murubwo buryo nyene. Imana itegeka Nowa
gutora ibindi bikoko bibiri vyiza
ibizoba kwisi inyuma y’umwuzure
kurangira. Ivyiza vyari gukoreshwa muburyo bwogufungura no mutanga ishikanwa ku Mana. Kubwivyo yari
gukunda ko ibikoko vyinshi vyiza vyobayemwo kunkuru zihagije kubijanye
n’ibikoko vyiza na bibi raba The Biblical Food Laws [CB019]. Mugihe
kigufi ibikoko vyose vyari munzu yavyo aho murubwo bwato, aho vyarikuba indaro
yabo mukiringo c’amezi menshi.
Nowa n’ umugore
wiwe n’abana biwe batatu n’abagore babo barinjiye mu bwato ku munsi wa cumi mu
kwezi kwa kabiri (Itanguriro 7:7) Imiryango y’ ubwato yarikiri yuguruye abantu
baratanguye gutangara babona ibikoko bitanguye kwinjira mu bwato no kubona
ingene Nowa atanguye nawenyene kwinjira mubwato batangara cane batangura kubona
ko amajambo ya Nowa aruyukuri. Mugabo abantu benshi ntibashoboye kuvyemera kandi ntibigeze bemera imburi za Nowa Niko rero abantu badatahura ukuri kuko
batubaha Imana.
Iminsi
irarangena atanikimenyetso cerekana
imvura. Hafi indwi imwe yarararenganye (Itanguriro 7:4). Abantu barabandanije
gutwenga Nowa. inkuru kuzijanye ubwato kugataka kumye zarakwiye hose kandi
abantu barabandanije kurwira no gushinga intahe. Nowa na bana biwe barubatse
umuryango iburyo bw’ubwato. Imana irugara umuryangocane (Itanguriro 7:16)
abantu babibonye baratangara cane.
Igihe c’ Umwuzure
Kumunsi wa 17
ukwezi kwa kabiri ibintu bitangura guhinduka cane n’abantu baca batangura
kubona ibirere bihinduka kandi
bitangura kuzana umuyaga mwinshi cane
hariho izuba rikaze cane kandi umuntu wese yatanguye kurondera aho yinyegeza.
Ibirere ntivyari bisanzwe kandi ibicu vyirabura bikwira hose ubwo nyene abantu
baca batangura gutekerwa n’ubwoba. Hariho n’ikinyamugigima kinini cane harabaho
ulwijima utagira uko wosigurwa gushika
ho isi itangura kusaduka. Umunsi ugira indwi niho Imana yabarira Nowa kwinjira
mu bwato niho ibiyaga vyose vyo mwisi
vy’uzura amazi n’imigezi yose irasura
(Itanguriro 7:11) murico gihe nyene haca haduka ubwuzure bw’amazi hose haca haboneka ijoro rihambaye rya teye
isi.
Ivyo vyari ibintu
Nowa yashimikirako muguhanura abantu b’isi. Ico cari kintu gitangaje kitigeze
kibaho kuva satani azaniye icaha kw’isi
kandi atanumwe yar’amaze kubioban kw’isi.
Murino minsi
abantu basigaye bafise umubabaro, kuruta kuco bagerageje kurangura, amazi
yararengeranye. Ntanumwe atigeze arokoka atari nzu. Kandi ntahantu hariho ho
kuba ibihe bidashira. Amazi yo mukiyaga yarakwiragiye hose gushika no kumusenyi
aho bari bari abantu bose. Kukubera mazi y’ umwuzure yaramaze gukwiragira
hose kumisozi no mu kiyaya uwo mwuzure
wari warengeye ibiti,ibiyaya, amabuye hamwe n’ivyondo kandi abantu baramvura
hejuru y’amazi, n’abantu bari bafise inkomezi nibo babashije gushika kw’isi
yumye no munyuma yaho babashe gupfa bivanye n’ubwuzure bw’ amaji canke
umubabaro mwinshi canke ukutumvikana hagati yabo.
Munyuma amazi
yaruzuye no guhagurutsa ubwato kuva hasi. Aba twenga Nowa ntibigeze binjira mu
bwato kuko ntamwanya bari bari bafise harimwo Nowa wenyene gusa (Itanguriro
7:18). Bake cane nibo babashije gushikira ubwaton’ugutakamba kugirango bugururirwe.
Imvura yarabandanije kurwa kandi mubwato ntanumwe y’igeze kwunva akaruru kabo.
Benshi baragerageje kwurira mumbavu y’ubwato ariko imvura yarabandanije kuba
nyinshi baraguwe n’ukubandanya basoma nturi.
Ubuntu bw’ Imana
No k’ubuntu bwayo
bwnshi, Imna yahaye abantu imyaka 100 biciye muri Nowa umukozi wayo. Ivyo tuzi
n’ uko abantu batigeze bubaha Nowa, niknakurya kutubaha Imana mubihe
vyaheze vyaribikwiye gusen ga na guhindura ingeso kugira babashe kuronga
infashanyo iva ku Mana tubandanije gusenga
co kimwe igisabwa n’uko ubuntu bw’ imana yacu.
Umunsi ku munsi
umwuzure warabandanije ugwiririkanya uva hejuru no hagati gushika aho isi yose
yuzura. Aruzura gushika kumisozi miremire ica inyikira muriyo (Itanguriro
7:20). Murico gihe umuntu wese be n’ icaremwe cose barapfuye kiretse umyango wa
Nowa wonyene n’ ibikoko vyari m’ubwato ivyo Imana yavuze. (2Petero 2:5).
Bibliye iravuga ko abantu umunani bararokotse
bavuye mu mwuzure ivyo navyo bishushwanywa n’umubatizo w’agakiza
(1Petero 3:20-21).
Iminsi mirongwine
ijoro n’umutaga imvura yabandanije irwa kandi ijuru n’ibirere vyaryo ntivyari
vyiza namba. Imvura irarangira mukindi gihe inomero 40 vy’uzuzwa n’abigishwa
canke ibigeragezo. Kukarorero ka Mesiya
kwabaye uguse no kwisonzesha kw’iminsi mirongo ine ageragejwe na satani.
Mesiya yagarutse kw’isi inyuma y’urupfu rwiwe no gusigurira abantu mu minsi
mirongo inwe. Musa yari nyene k’umusozi w’ Imana muminsi mirongo ine
yarigishijwe n’ umumarayika wa Yehova.
Iminsi mirongo
ine yakoze muri Bibliya kugusaba imbabazi. N’ubuntu bwahawe iminsi mirongwine
k’ugusaba ikigongwe n’ugukora gurtyo. Yuda nawe yahawe iminsi mirongwine yo
kwihana bivanye n’urupfu rwa Mesiya. Yuda ntiyihanye kandi yaciye arangizwa
n’ugutongorwa. Kuva urupfu rwa Kristo abantu b’isi barahawe Yubile 40 canke
2000 y’ukwihana.
Muriki gihe
n’abantu bake bihanye kubwukugomba kwabo. Ubu n’uburorero buke bivuye kubugombe
bwabo. Ibi n’ibike vy’uburorero bw’ugukoresha iminsi 40 ariko igitigiri n’
amatariki y’ Imana irakora neza.Dutegerezwa gukurikiza ikiranga minsi c’ Imana
kugirango tumenye imigambi y’ Imana.
Murico gihe cose amazi yaragabanutse buke
buke gushikaho vyabaye ibisanzwe .
Ariko umuryango wa Nowa bareremba hejuru y’ amazi nkuko abantu bo mukirere bareremba hejuru w’ibicu.
Mu minsi 150
amazi yaratekereje kubwivyo abantu bari
mubwato bwose baranejerejwe n’ibikorwa
vyose bakoreye mu bwato muriyo minsi yose
mugusunikwa n’imipfunda myinshi. Imana itegeka ijuru kureka kubandanya kugwishwa imvura navyo
bigenda gurtyo. (Itanguriro 8:1) aca arugara imiryango n’amadirisha vy’ ijuru
hanyuma imvura irahera (Itanguriro 8:2).
Amazi aragabanuka
Igihe s’igihe
imisozi itangura kuboneka Ubwato buca buharara k’umusozi Ararat (Itanguriro
8:4). Ubwato bwahagaze ngaho kwigenekerezo rya 17 z’ukwezi kw’indwi. Amezi
atanu umwuzure wa rangiye. Iyo yabaye iminsi ibiri y’uguhimbaza mw’ ishengero
bikurikijwe n’ikiranga minsi c’ Imna. Amazi yabandanije kugabanuka rwose asize ubwato bugihagaze hejuru y’umusozi.
Umunsi wa mbere w’ ukwezi kwa cumi imisozi itangura kuboneka (Itanguriro 8:5). Nowa yarindiriye amezi
abiri n’ iminsi mirongo ine 40 Nowa y’ugurura idirisha ry’ ubwato arungika
inyoni . kandi asubira arungika inuma yindi iyi numa ntiyaronka aho ihagarara
inyoni iragaruka kuri Nowa (Itanguriro 8:6-9).
Nowa
yararindiriye iminsi indwi arungika iyindi inyoni kandi nya nyoni igaruka
kumugoroba n’inyishu ifise agashami kumunwa k’igiti cumye. Ivyo vyaciye vyereka
Nowa y’uko ubwuzure bwarangiye rwose be n’ibiti ko vyatanguye kumera bizana
amashami yayo n’abantu ko boshobora kandi kuba kwisi. (Itanguriro 8:10-11).
Nowa yarindiriye kandi iminsi indwi yindi kurengana arungika kandi iyindi nyoni
mugabo ntiyagarukanye inyishu (Itanguriro 8:12).
Umunsi wa mbere
z’ukwezi kwa mberer Nowa yakuye umupfundikizo w’ubwato aca abona yuko isi yumye
(Itanguriro 8:13). Ukwo nikwo kwabaye
ukwezi gushasha n’umwaka mushasha mukiranga minsi c’ Imana . Ako niko
karorero ko muri Bibliya aho Imna yakoze
igikorwa gihambaye mukwezi kwa mbere kandi k’umunsi wa mbere. Ubundi burorero niburya
bwo gushinga Ihema (Kuvayo 40:20) ukwuzuzwa kwa Hezekiya (2 Ivyo kungoma
29:17); ukwuzuzwa kwa Ezira (Ezira 7:9) n’ugutanga impanuro kubari bafise
abagore benshi canke abasambanyi (Ezira 10:17).
Kandi mugitabo ca
Ezekiyeli 45:18-20 twigishwa yuko ibintu vyatanguranye n’ukwezi kwa mbere
n’amatariki yambere no kubandanya gushika kuri 21 z’ukwezi kwa mbere, ico nico
kiringo ca nyuma c’uguhimbaza iminsi
mikuru y’ imikate itagira umwambiro.
Ukwezwa gutangura
kumunsi wa mbere kandi zerekeye ishengero ry’ Imana kandi twebwe aritwe
Ishengero ry’ Imana Buri muntu wese
yabatijwe aba aririshengero ry’ Imana kandi aba aserukira Imana kandi akwiye
kwitandukanya n’ icaha. Buri iminsi indwi y’ukwezi kwa mbere umwana w’ Imana
wese yabatijwe akwiye kwisonzesha n’ugusenga
abo batabigira n’ibijuju. (Ezekiyeliu 45:20) Biradukwiye kandi bidusaba
gusenga no kwisonzesha kugirango dufashe bene Data n’abashiki bacu bataramenya
Imana canke barya batarakomera mu
gakiza. Umunsi wa 21 bishizwe hamwe
n’imikate itagira umwambiro n’ivyinkirakamaro cane iwacu. Raba isomwa God’s
Holy Day [CB022].
Gutangura Ubuzima bushasha
Mukwezi kwa
kabiri itariki 27 isi yarumye hamwe nivyo Imana ivugana na Nowa “Sohoka hanze
y’ ubwato” (Itanguriro 8:14-16). “Sohoka n’ivyaremwe nipfuza yuko buri icaremwe cose co kwitandukanya n’ikindi
kugirango bitangure ubuzima bushasha” (v.17).
Inyuma yukuba mu
bwato isi yarin ziza cane kuri Nowa no kumuryango wiwe. Vyatumye Nowa aba
ahantu heza hatagira induru canke n’ umuntu numwe. Vyari bitangaje kandi
bibereye kuba ahantu heza nkaha kw’isi n zima aba bantu bakize umwuzure bari
mubwato barasenze Imana ubuntu bwayo. Ukurindwa, n’umugambi wa bashikanye
imiryango yabo kugutangura ubuzima bushasha.
Umuryango
w’ubwato warugurutse n’urugendo rwogusohoka ruca ruratangura ivyaremwe vyose
bica birabona isi nsha n’ugutangura ubuzima bushasha.
Ariko Nowa
nyiyaretse ibikoko vyose be n’inyoni zose Nowa yasohose gushimira Imana we n’
umureyango wiwe wose yubakja igicaniro
kuruwo musozi n’ugutanga ishikanwa ry’ibitungano vyiza kuuwo musozi
ashimira Imana n’ukuyihezagira (Itanguriro 8:20).
Imana yanejerejwe
na Nowa yarahaezagiye n’abana ba Nowa Shemu, Hamu hamwe na Yafeti. Barategekwa
n’ Imana kwubaka inzu n’ukuvyara abana benshi kw’isi ariho abafise ingeso mbi
bri baramaze kuvanwa.
“Sinzogaruka
kandi ubwuzure bw’amazihose bivanye n’uburake” Imana yabariye Nowa n’ abana
biwe (Itanguriro 9:11). N’uko nshinze
isezerano mbasezeraniye n’uko ibifise
umubiri vyose ntibizosubira kurandurwa
n’amazi y’ ulmwuzure ukundi kandi
ntihazobaho umwuzure wo gutikiza isi ukundi raba ibindi bimenyetso biboneka
mw’Ijuru (vv. 12-17).
Imana itanga ikimenyetso kindi gifise amabara
y’amarangi indwi ca kwiragiye uruhande rumwe kugushitsa kurundi ruhande
rw’ijuru. Ivyo vyerekanye yuko Imana itazoshobora kandi gutikiza isi biciye
mumwuzure w’ amazi Ico cari ikimenyetso
cerekana ko Imana itazosubira gutikiza abantu n’ivyaremwe vyose biciye
mw’uzure. Iryso ryari isezerano hagati ya Nowa n’ Imna.
Abantu bari
kwikanga bibaza ati abantu bangahe bobaye kwisi barindiriye ico kimenyetso.
Mugihe twabonye ico kimenyetso c’uguhagarika imvura Benshi murabo biyumvira
kwihana no kugaruka ku Mana yabo
n’ukugarukana inkomezi nyinshi
zogufata. Bibliya itubarira ko
nivyiza kwihana no gushikira I Yubile 120 canke iya 6000 kubera isi yaravumwe
n’itongo rya edeni ryarugawe.
Imana ubwambere
yagize imigendereranire na Adamu. Adamu na Eva bahabwa itegeko ry’ukutarya
kugiti c’ ubugingo (Itanguriro 2:16-25). Vyerekana ko Adamu yacumuye no
kubijanye n’ icaha abantu baciye barwa imbere y’ Imana no kwirukanwa mw’ itongo
ivyo vyerekana umugambi w’Imana ko wozigamwa.
Kandi isi
yononywe mugihe ca Nowa, ariko Imana yagize Isezerano na Nowa (v Itanguriro
6:18; 9:9-17; Yesaya 54:9). Inyuma ya Nowa Imana yarashize ho isezerano hagati
mubntu kugirango barikoreshe nk’akarorero
kumahanga menshi, kubera iryo
sezerano turashobora kwiga vyinshi
turavye imigani ya Aburahamu.
Dufashe isezerano
ry’ Imna turaronka ubugingo budashira kandi iyo twononye iryo sezerano tuzopfa
atakabuza (Abaroma 6:23). Kuva mubihe vya Kristo umubatizob wacu niryo sezerano
ryacu. Uyu mubatizo ugereranywa n’ugukebwa kwa Isirayeli. Rero ugukwebwa
kw’umubiri gusa n’ugukebwa kw’imitima.
Abana ba Nowa
Abana ba Nowa
basohose m’ubwato na bo ni Shemu, hamu na Yafeti. Hamu niwe yari se ikanani
bivuye murabo bana isi yarasubiriye kugwioririkana kandi (Itabguriro 9:18-19).
Nowa yarumurimyi
mwiza cane kandi yateragira ivyamwa vyiza cane. Igihe kimwe Nowa yaranyoye vino
hanyuma umuhungu wiwe w’inpfura agira ikintu kitabereye nagatoya asinziriye
bivanye na ya divaye. Nimba Nowa yarahagurutse n’ukumenya ico uwo mwana yako ze
yarashavuye aca aravuma uwo mwana Kanani umwana wa Hamu n’ukuvuga kanani
azabe umukozi wa bene wabo. Nukuva ico
gihe Nowa yaciye ahezagira abana ba Shemu na Yafeti (Itanguriro 9:20-27). Uyu
muvumo wa Kanani wa r’umuhezagiro wa shmu ningombwa vyari gushitka kuruvyaro
ruzoza kumahanga.
Nowa yapfuyre afise imyaka myinshi
Nowa yabayeho
imyaka 350 inyuma y’ umwuzure w’amazi (Itanguriro 9:28) murico gihe ya sigura
kubijanye n’ingendo z’Imana bene n’ivyo y’ipfuza mugihe cose yaronkera umwanya
(2 Petero 2:5) bivanye nawe besnhi barihanye kandi n’abandi benshi
barizeye inkuru ziwe kubera Imana n’
umugambi wiwe be n’amabwiriza yiwe. Mu mibereyeho yabo abantu benshi babayeho
kure yabandi n’abandi batigeze
bizera no gufata minenerwe ubugingo
bwabo mubugombe bw’ Imana.
Imana yahaye Nowa
ubuzima burebure, naho Nowa yabayeho imyaka 950 munyuma yaho arapfa (Itanguriro
9:28-29).
Ako nakaryo ko
kubaho ubuzima nkubwo tugereranije n’ubuzima tubayeho muriyi myaka ubu bugingo
bwokubaho gurtyo bwo kwihana ivyaha vyacu
no kugaruka k’Umwami wa cu yesu no kjuyrondera Imana munzira zayo
zose baba banejerejwe n’ubuzima bwiza
cane.
Bazobaho neza
nkumutima ufise ubuzima (1Abikorinto 15:44-45, 53) no hagati yabo bazotangura
ubuzima bwiza nkubwo nka bafise ukuri kw’isi hambavu ya Yesu kristo mugihe c’
imyaka 1000! – (Ivyahishuriwe 2:26-27 na 5:9-10).
Ivyo nibintu
vyiza Imana yateguriye barya ba mukunda . Ingene Nowa yabariye abantu kubwa
mabwirizwa y’ Imana kubwa majalmbo n’ibikorwa dukore ivyo uno munsi. Sikure
cane imbere Mesiya azogaruka bidatevye
kandi turabona ko inkomezi z’isi zigiye kurandurwa kubera ukutarangura
igikorwa neza igihe c’ukwihana
n’uguhinduka niki nyene.
q