Amashengero Rukristo y’ Imana

[CB8]

 

 

 

 

Nowa n’umwuzure w’ Amazi [CB8]

 

(Ivyasohowe  2.0 20030825-20070122)

 

Nowa yar’umuntu w’ ingeso nziza n’uwubaha Imana, ariko Isi y’uzuye ivyaha  n’ugusigana hagati y’ abantu, murico gihe Imana ibarira Nowa ko izogeseza isi n’abayibamwo. Iyi n’inkuru yasohowe mug ice ca 3 n’4 mugitabo cImigani yo muri Bibliya ivyasohowe ubwa 1 na Bazil Woleveriton, yacapuye n’uwuserukira ishure ry’ ubumenyi .

 

 

 

Christian Churches of God

PO Box 369,  WODEN  ACT 2606,  AUSTRALIA

 

Courriel: secretary@ccg.org

 

 

(Copyright ã 2003, 2007 Christian Churches of God, ed. Wade Cox)

(Tr. 2009)

 

Izinyigisho zirashobora guhindurwa k’ubuntu no gutangwa kumategeko yuko zishobora guhindurwa nkuko zimeze atakugabanywa canke guhindurwa ukundi. Izina ry’umwanditsi n’ibimuranga bitegerezwa kwubahirizwa n’ukwerekanwa .Ntakiguzi canke itangishwa ry’amafaranga mugihe c’ugusubiramwo zino nyigisho canke mugihe c’ugukwiragiwa mumajambo magufi zirashobora gusubirwamwo mumashuri no gusobanura utarinze gukurako ububasha n’uburenganzira.

 

Izinyigisho urashobora kuzisanga muri bwaburyo bwa internet
 http://www.logon.org/kirundi/ hamwe Na http://www.ccg.org/kirundi/


 Nowa n’umwuzure w’ Amazi [CB008]

 

 


Tumaze kwiga kumashure yacu y’intango ko Adamu na Eva bakoze icaha  kandi ko birukanywe mw’itongo rya edini kandi ico cari igice c’igihano cabo. Imana yabahaye abana babiri Kayini na Abeli. Kayini yishe mwene wabo Abeli. Nk’igihano kanyini yarashizwe ko ikimenyetso n’ukwirukanwa kure y’ Umuryango wiwe  kugirango abe umuntu w’ukugendagenda hanze. Hanyuma A damu na Eva  baragira umwana w’ umuhungu yitwa Seti no murico gihe babandanije kubaho baca baragira abana babirei kandi babahungu.

 

Tubandanije dusanga ubuzima bw’abana ba Adamu  yari yaramaze kwononwa n’umubi satani  kandi vyarabandanije ko bononwa (Itanguriro 6:1-7 ) raba isomwa  kayini na Abali [CB007] kubijanye na Nephilimu naho ubuzima bwa Seti  bwahamagariwe mw’ Izina rya Yesu ( Itanguriro 4:25-26).  Ibi vyerekana ko bari bafise ingeso nziza kandi ko bakurikira amabwirizwa y’ Imana.

 

Adamu amaze gushikana imyaka 810, Imana yacviye isubiza imyaka y’ abantu gushika kumyaka 120 (Itanguriro 6:3) Uguhitamwo kwashizwe kubantgu bivanye ningene imyifato y’ imibiri yako yategerezwa gukora ibikorwa inyuma y’ urupfu rwa Nowa. Kurwa kw’abantu mu bigeregezo vya Satani bivana ningene Imana ihisemwo. Adamu yapfuye afise imyaka 930 nimyaka 120 munyuma y’igabanurwa kw’ imyaka n’ Imana. Itariki ya 810 kuri Adamu yari imyaka 3194 BCE.

 

Imana nyen’ubushobozi yabonye agahinda k’abantu ingene kuzuye isi no kugeza kurugero  ca arahumuriza  abantu. Imana iravuga “Ndindera umuntu yova kw’ ishusho yr’ isi- Umuntu n’ ibikoko (Itanguriro 6:5-7). Imana yamenye ibi vyose ko bizokoreka  naho atari bwa reme umuntu ningene kandi ubwuzure butari bwa shike  ko abakenyekezi beranda bazokora icaha. Kuberivyo intuntu z’ abantu, Inama yarahisemwo gutikiza isi nzima kuburyo bwumwuzure y’amazi n’ubwanyuma kandi igaca isubira kandi kurema.

 

Imana yamenye ko umuntu adashobora kubaho mubuzima bw’icaha  bari kwonona ubugingo bwabo muburyo bubabaje cane. Inzira yayo yari kuba y’ imbabazi nyinshi. Hanyuma yari kubazana mubugingo bw’ imyaka igihumbi muminsi yimbere aho Umwana wayo Yesu kristo yari kuba afise itsinzi muriyi isi. Ico cari ikinjana c’ izuka rya kabiri  raba isomwa  God’s Holy Days [CB022] munsiguro ziuhagije kubijanye n’ izuka  rya kabiri. Niho abantu baca batahura neza kwubaha Umuremyi wabo, mugihe c’ izuka rya kabiri, ubwuzure bubi buzohera kandi bizoba vyoroshe ku bantu gukurikira amabwiriza y’ Imana.

 

Nowa nk’ Umweranda

Murico gihe Imana yamnye umuntu umwe wenyene  yashatse gukurikiza amabwiriza yayo. Uwo muntu yari Nowa (Itanguriro 6:8). Izina rya Nowa risobanurwa ko “Ukuruhuka” bijanye n’Abaheburayo 5146. Se Lameki yabonye ko Nowa  yari gukoreshwa n’ Imana kuzana akaruhuko kubantu  bivanye n’ isi yari maze kuvumwa. (Itanguriro 5:28-29). Nowa yarintungane ‘kandi yar’ Umweranda” mururwo ruvyaro. Ivyo vyerekana ko ako atigeze ashigikira icaha  mugihe ciwe na philimu  aribo bimwe igihugu c’ izuka kandi bagize inkirakamro amabwirizwa y’ Imana. Nimba Se na sekuruza  yari uwafise ingeso nziza  (Ezekiyeli 14:14, 20).

 

Mu myaka 500 ya Nowa  inyuma y’ukurera abana biwe batatu (Itanguriro 5:32) shemu ariwe yari umuhererezi wiwe, hamu akagira kabiri na Yari samurarwa (Itanguriro 10:21). Nowa yahawe ubuhanuzi n’ Imana ko azotikiza isi n’ingenso mbi  akoresheje ubwuzure bw’amazi. Nowa yabariwe n’ Imana ko yokora ubwato bunini kandi asubire aburire abantu kubijanye n’ingeso zabo mbi n’igihano kigiye gushika. Abantu bahawe imburi zibiri z’ imyaka 50 buri mwaka (100) y’ukwihana. Mugabo ntibigeze bizera Nowa kumyaka 600 Nowa nurupfu rwiwe hamwe na Metusela. Umuntu w’ umutama yabaye kwisi kandi umwizigirwa  wo murwego rwa hejuru gushika kugihe ca Nowa, Imana ica iraza ubwuzure bw’amazi.

 

Nowa y’Ubaka ubwato

Imana yaha ye Nowa amategeko meza y’ ingene azokubaka ubwato (Itanguriro 6:14-22) Nowa ntiyigeze agaya canke kwerekana amacakubiri yubwo buhanuzi yahawe n’ Imana ko atazokora.  Yaremeye ubwo buhanuzi n’ ugukurikiza amategeko yahawe  (Itanguriro 6:22) yarafise ukwizera no kwubaha Imana  naho atari kubona ibikorwa vyayo murico gihe nyene. Mukwubaha Imana yakijije umuryango wiwe  abagararije bararize  no gusya insya z’amenyo (Abaheburayo 11:7). Ukwizera kwiwe kwa mushikanye ahantu  ho kwubaka ubwato kandi aho nyene niho haciye haba ubwuzure.

 

Abana ba Nowe bakuze bafashije Se wabo kwubaka ubwato  no gufasha abantu hamwe n’ibikoko vyariko birinjira mu bwato. Abantu bunvise inkuru z’ubwato barirukiye aho hantu no kuraba hamwe na gatwengo kenshi  ico bakora muri co gihe ahao hantu bara mutwenga n’ ukuivuga ko Nowa yabaye umusazi.

 

Imyaka yabandanije iba myinshi kandi n’iko n’ ubwato bwabandanije kuba bunini hafi y’ukurangira  Nowa n’abana biwe batatu. Ntaco vyababwiye mugabo barabandanije gukora igikorwa cabo hafi y’ imyaka 100. No mugihe cose Nowa yabandanije abibutsa ivy’ umwuzure w’amazi wario wegereje. Kukubura ukwubaha Nowa  ariko barya barikwihana no kwubaha Imana bari kugira ibakwe. Ntanumwe yavyizeye atari Nowa n’ umuryango wiwe gusa.

 

Ubwato burarangira

Abantu baritegereje burya bwato nkigitangaro kuko ahantu ryakorewe ntiryari kureremba hejuru y’amazi. Ubwo bwato bwri bunini cane gusumba n’ayandi mato yo kwisi, n’inyubako yo hejuru yaringanira uburinganire bwa cumi kuri cumi! rateguwe kuba rinini no kureremba hejuru  cane. imbere ryari riteguwe bijanye n’ingene ibikoko bingana nkuko vyari vyateguwe kugitigiri c’ ignene vyategerezwa kwinjiramwo vyose. Imbere murubwo bwato harimwo n’amazi y’ukunywa, ahantu huburyamo, hamwe naho gufungurira  aho umuntu yategerezwa gukinjikira no gufungura.

 

Mugihe inyubako yarangira  hamwe no gusiga irangirya mazi Nowa yarafise imyaka amajana atandatu (600)! Abagore bari bafise imyaka 100 mugihe ubwuzure bwatangura. Bararushize abantu benshi bo muriki gihe naho bapfuye  mugabo igikorwa kinini ningombwa gikoreke  hariho igikorwa c’ugushingura neza infungurwa no gushiraho ubwatsi harya imbere mubwato arivyo vyari bikenewe kuri buri gitungwa harya indani.

 

Abantu barakomeje gutwenga ico gikorwa  ntibari gushobora kwemera yuko isi nzima ishobora gutikizwa . Bari biyumviriye yipfuza gufata isi n zima mugusigura.

 

Kubwivyo twebwe turiho kandi twarahawe igitabo c’ ivyahishuriwe  arico kidukebura iherezo ry’ isi. Natwe dusabwa kugira ivyizigiro turindiriye Mesiya arivyo twizigiye. Abavugishwa nabo baraduhanura kubera Mesiya w’ Imana n’iherezo ry’iyisi. Ishengero naryo riraduhanura kureka ubugarariji n’ibikorwa vyacu bigayise  arivyo vyafashe aantu bose hamwe n’ isi n zima. Aho kugirango bakurikire n’ugufata izo mpanuro abantu bose basigaye bipfuza kubaho ubuzima bworoshe n’uwkikundira ibibahimbara n’ukubanezereza nugukora ibikorwa bitobito. Ivyo nyene ibijuju vyaraboshwe kutavuga mugihe co kwa Nowa, abantu bomuriki gihe nabo nyene bazocika ibiragi kukutavuga. Mugitabo ca Matayo 24:36-38 hamwe na Luka 17:26-33.

 

 Kurya nyene mugihe co kwa Nowa no muriki gihe nyene kibandanya c’iyongera . Benshi ntibacubaha imburi. Imana ntishaka ko abantu bayo bocibwa urubanza imbere yuko abantu biwe atarabaha imburi biciye mubavugishwa. (Amosi 3:7)

 

Ibikoko vy’ipfuza Inzu

Ntivayri vyoroshe kunri Nowa kwumva amajambo yabantu muriyi myaka yose yahitiye niyizoza niyabaye. Ariko yarafise ivyizigiro ku Mana yiwe kandi  yarafise ukwizera yuko ubwato bugiye kurangira kwubakwa kandi yubatse ashira imiryango impande zose zibiri kugirango ibikoko bibashe kwinjira imbere mubwato. Ibi vyari mukwizera kwa Nowa mu kiringo c’ Imyaka 100 y’ ugusenga Imana mu bwato  rya rubakwa kandi cari igihe c’abantu guhabwa imburi.

 

Igihe kimwe barya batwenga  baratewe n’agatangaro babonye ubwato. Bur’ubwoko bw’ inyoni n’ ibikoko  bukoraniye hambavu y’ubwato n’ukwinjira (Itanguriro 7:8-9) Imana yahaye ivyaremwe vyose amategeko ngenderwako kandi vyarinjiye mubwato kumategeko ya yonyene naho abandi bari muburyo bwivyaremwe.

 

Ibikoko n’inyoni nziza vyarikumwe n’abantu , muburyo bwa bibiribibiri  n’ibikoko vyarinjiye murubwo buryo nyene. Imana itegeka Nowa gutora ibindi bikoko bibiri vyiza  ibizoba kwisi inyuma y’umwuzure  kurangira. Ivyiza vyari gukoreshwa muburyo bwogufungura  no mutanga ishikanwa ku Mana. Kubwivyo yari gukunda ko ibikoko vyinshi vyiza vyobayemwo kunkuru zihagije kubijanye n’ibikoko vyiza na bibi  raba The Biblical Food Laws [CB019]. Mugihe kigufi ibikoko vyose vyari munzu yavyo aho murubwo bwato, aho vyarikuba indaro yabo mukiringo c’amezi menshi.

 

Nowa n’ umugore wiwe n’abana biwe batatu n’abagore babo barinjiye mu bwato ku munsi wa cumi mu kwezi kwa kabiri (Itanguriro 7:7) Imiryango y’ ubwato yarikiri yuguruye abantu baratanguye gutangara babona ibikoko bitanguye kwinjira mu bwato no kubona ingene Nowa atanguye nawenyene kwinjira mubwato batangara cane batangura kubona ko amajambo ya Nowa aruyukuri. Mugabo abantu benshi ntibashoboye kuvyemera  kandi ntibigeze bemera imburi za Nowa  Niko rero abantu badatahura ukuri kuko batubaha Imana.

 

Iminsi irarangena  atanikimenyetso cerekana imvura. Hafi indwi imwe yarararenganye (Itanguriro 7:4). Abantu barabandanije gutwenga Nowa. inkuru kuzijanye ubwato kugataka kumye zarakwiye hose kandi abantu barabandanije kurwira no gushinga intahe. Nowa na bana biwe barubatse umuryango iburyo bw’ubwato. Imana irugara umuryangocane (Itanguriro 7:16) abantu babibonye baratangara cane.

 

Igihe c’ Umwuzure

Kumunsi wa 17 ukwezi kwa kabiri ibintu bitangura guhinduka cane n’abantu baca batangura kubona ibirere bihinduka  kandi bitangura kuzana umuyaga mwinshi cane  hariho izuba rikaze cane kandi umuntu wese yatanguye kurondera aho yinyegeza. Ibirere ntivyari bisanzwe kandi ibicu vyirabura bikwira hose ubwo nyene abantu baca batangura gutekerwa n’ubwoba. Hariho n’ikinyamugigima kinini cane harabaho ulwijima utagira uko wosigurwa  gushika ho isi itangura kusaduka. Umunsi ugira indwi niho Imana yabarira Nowa kwinjira mu bwato  niho ibiyaga vyose vyo mwisi vy’uzura amazi n’imigezi yose irasura  (Itanguriro 7:11) murico gihe nyene haca haduka ubwuzure bw’amazi  hose haca haboneka ijoro rihambaye rya teye isi.

 

Ivyo vyari ibintu Nowa yashimikirako muguhanura abantu b’isi. Ico cari kintu gitangaje kitigeze kibaho  kuva satani azaniye icaha kw’isi kandi atanumwe yar’amaze kubioban kw’isi.

 

Murino minsi abantu basigaye bafise umubabaro, kuruta kuco bagerageje kurangura, amazi yararengeranye. Ntanumwe atigeze arokoka atari nzu. Kandi ntahantu hariho ho kuba ibihe bidashira. Amazi yo mukiyaga yarakwiragiye hose gushika no kumusenyi aho bari bari abantu bose. Kukubera mazi y’ umwuzure yaramaze gukwiragira hose  kumisozi no mu kiyaya uwo mwuzure wari warengeye ibiti,ibiyaya, amabuye hamwe n’ivyondo kandi abantu baramvura hejuru y’amazi, n’abantu bari bafise inkomezi nibo babashije gushika kw’isi yumye no munyuma yaho babashe gupfa bivanye n’ubwuzure bw’ amaji canke umubabaro mwinshi canke ukutumvikana hagati yabo.

 

Munyuma amazi yaruzuye no guhagurutsa ubwato kuva hasi. Aba twenga Nowa ntibigeze binjira mu bwato kuko ntamwanya bari bari bafise harimwo Nowa wenyene gusa (Itanguriro 7:18). Bake cane nibo babashije gushikira ubwaton’ugutakamba kugirango bugururirwe. Imvura yarabandanije kurwa kandi mubwato ntanumwe y’igeze kwunva akaruru kabo. Benshi baragerageje kwurira mumbavu y’ubwato ariko imvura yarabandanije kuba nyinshi baraguwe n’ukubandanya basoma nturi.

 

Ubuntu bw’ Imana

No k’ubuntu bwayo bwnshi, Imna yahaye abantu imyaka 100 biciye muri Nowa umukozi wayo. Ivyo tuzi n’ uko abantu batigeze bubaha Nowa, niknakurya kutubaha Imana mubihe vyaheze  vyaribikwiye gusen ga  na guhindura ingeso kugira babashe kuronga infashanyo iva ku Mana  tubandanije gusenga co kimwe igisabwa n’uko ubuntu bw’ imana yacu.

 

Umunsi ku munsi umwuzure warabandanije ugwiririkanya uva hejuru no hagati gushika aho isi yose yuzura. Aruzura gushika kumisozi miremire ica inyikira muriyo (Itanguriro 7:20). Murico gihe umuntu wese be n’ icaremwe cose barapfuye kiretse umyango wa Nowa wonyene n’ ibikoko vyari m’ubwato ivyo Imana yavuze. (2Petero 2:5). Bibliye iravuga ko abantu umunani bararokotse  bavuye mu mwuzure ivyo navyo bishushwanywa n’umubatizo w’agakiza (1Petero 3:20-21).

 

Iminsi mirongwine ijoro n’umutaga imvura yabandanije irwa kandi ijuru n’ibirere vyaryo ntivyari vyiza namba. Imvura irarangira mukindi gihe inomero 40 vy’uzuzwa n’abigishwa canke ibigeragezo. Kukarorero ka Mesiya  kwabaye uguse no kwisonzesha kw’iminsi mirongo ine ageragejwe na satani. Mesiya yagarutse kw’isi inyuma y’urupfu rwiwe no gusigurira abantu mu minsi mirongo inwe. Musa yari nyene k’umusozi w’ Imana muminsi mirongo ine yarigishijwe n’ umumarayika wa Yehova.

 

Iminsi mirongo ine yakoze muri Bibliya kugusaba imbabazi. N’ubuntu bwahawe iminsi mirongwine k’ugusaba ikigongwe n’ugukora gurtyo. Yuda nawe yahawe iminsi mirongwine yo kwihana bivanye n’urupfu rwa Mesiya. Yuda ntiyihanye kandi yaciye arangizwa n’ugutongorwa. Kuva urupfu rwa Kristo abantu b’isi barahawe Yubile 40 canke 2000 y’ukwihana.

 

Muriki gihe n’abantu bake bihanye kubwukugomba kwabo. Ubu n’uburorero buke bivuye kubugombe bwabo. Ibi n’ibike vy’uburorero bw’ugukoresha iminsi 40 ariko igitigiri n’ amatariki y’ Imana irakora neza.Dutegerezwa gukurikiza ikiranga minsi c’ Imana kugirango tumenye imigambi y’ Imana.

 Murico gihe cose amazi yaragabanutse buke buke  gushikaho vyabaye ibisanzwe . Ariko umuryango wa Nowa bareremba hejuru y’ amazi  nkuko abantu bo mukirere bareremba hejuru w’ibicu.

 

Mu minsi 150 amazi yaratekereje  kubwivyo abantu bari mubwato bwose baranejerejwe  n’ibikorwa vyose bakoreye mu bwato muriyo minsi yose  mugusunikwa n’imipfunda myinshi. Imana itegeka ijuru  kureka kubandanya kugwishwa imvura navyo bigenda gurtyo. (Itanguriro 8:1) aca arugara imiryango n’amadirisha vy’ ijuru hanyuma imvura irahera (Itanguriro 8:2).

 

Amazi aragabanuka

Igihe s’igihe imisozi itangura kuboneka Ubwato buca buharara k’umusozi Ararat (Itanguriro 8:4). Ubwato bwahagaze ngaho kwigenekerezo rya 17 z’ukwezi kw’indwi. Amezi atanu umwuzure wa rangiye. Iyo yabaye iminsi ibiri y’uguhimbaza mw’ ishengero bikurikijwe n’ikiranga minsi c’ Imna. Amazi yabandanije kugabanuka rwose  asize ubwato bugihagaze hejuru y’umusozi. Umunsi wa mbere w’ ukwezi kwa cumi imisozi itangura kuboneka  (Itanguriro 8:5). Nowa yarindiriye amezi abiri n’ iminsi mirongo ine 40 Nowa y’ugurura idirisha ry’ ubwato arungika inyoni . kandi asubira arungika inuma yindi iyi numa ntiyaronka aho ihagarara inyoni iragaruka kuri Nowa (Itanguriro 8:6-9).

 

Nowa yararindiriye iminsi indwi arungika iyindi inyoni kandi nya nyoni igaruka kumugoroba n’inyishu ifise agashami kumunwa k’igiti cumye. Ivyo vyaciye vyereka Nowa y’uko ubwuzure bwarangiye rwose be n’ibiti ko vyatanguye kumera bizana amashami yayo n’abantu ko boshobora kandi kuba kwisi. (Itanguriro 8:10-11). Nowa yarindiriye kandi iminsi indwi yindi kurengana arungika kandi iyindi nyoni mugabo ntiyagarukanye inyishu (Itanguriro 8:12).

 

Umunsi wa mbere z’ukwezi kwa mberer Nowa yakuye umupfundikizo w’ubwato aca abona yuko isi yumye (Itanguriro 8:13). Ukwo nikwo kwabaye  ukwezi gushasha n’umwaka mushasha mukiranga minsi c’ Imana . Ako niko karorero ko muri Bibliya  aho Imna yakoze igikorwa gihambaye mukwezi kwa mbere kandi k’umunsi wa mbere. Ubundi burorero niburya bwo gushinga Ihema (Kuvayo 40:20) ukwuzuzwa kwa Hezekiya (2 Ivyo kungoma 29:17); ukwuzuzwa kwa Ezira (Ezira 7:9) n’ugutanga impanuro kubari bafise abagore benshi canke abasambanyi (Ezira 10:17).

 

Kandi mugitabo ca Ezekiyeli 45:18-20 twigishwa yuko ibintu vyatanguranye n’ukwezi kwa mbere n’amatariki yambere no kubandanya gushika kuri 21 z’ukwezi kwa mbere, ico nico kiringo ca nyuma c’uguhimbaza  iminsi mikuru y’ imikate itagira umwambiro.

 

Ukwezwa gutangura kumunsi wa mbere kandi zerekeye ishengero ry’ Imana kandi twebwe aritwe Ishengero ry’ Imana  Buri muntu wese yabatijwe aba aririshengero ry’ Imana kandi aba aserukira Imana kandi akwiye kwitandukanya n’ icaha. Buri iminsi indwi y’ukwezi kwa mbere umwana w’ Imana wese yabatijwe akwiye kwisonzesha n’ugusenga  abo batabigira n’ibijuju. (Ezekiyeliu 45:20) Biradukwiye kandi bidusaba gusenga no kwisonzesha kugirango dufashe bene Data n’abashiki bacu bataramenya Imana  canke barya batarakomera mu gakiza. Umunsi wa 21  bishizwe hamwe n’imikate itagira umwambiro n’ivyinkirakamaro cane iwacu. Raba isomwa  God’s Holy Day [CB022].

 

Gutangura Ubuzima bushasha

Mukwezi kwa kabiri itariki 27 isi yarumye hamwe nivyo Imana ivugana na Nowa “Sohoka hanze y’ ubwato” (Itanguriro 8:14-16). “Sohoka n’ivyaremwe  nipfuza yuko buri icaremwe cose co kwitandukanya n’ikindi kugirango bitangure ubuzima bushasha” (v.17).

 

Inyuma yukuba mu bwato isi yarin ziza cane kuri Nowa no kumuryango wiwe. Vyatumye Nowa aba ahantu heza hatagira induru canke n’ umuntu numwe. Vyari bitangaje kandi bibereye kuba ahantu heza nkaha kw’isi n zima aba bantu bakize umwuzure bari mubwato barasenze Imana ubuntu bwayo. Ukurindwa, n’umugambi wa bashikanye imiryango yabo kugutangura ubuzima bushasha.

 

Umuryango w’ubwato warugurutse n’urugendo rwogusohoka ruca ruratangura ivyaremwe vyose bica birabona isi nsha n’ugutangura ubuzima bushasha.

 

Ariko Nowa nyiyaretse ibikoko vyose be n’inyoni zose Nowa yasohose gushimira Imana we n’ umureyango wiwe wose yubakja igicaniro  kuruwo musozi n’ugutanga ishikanwa ry’ibitungano vyiza kuuwo musozi ashimira Imana n’ukuyihezagira (Itanguriro 8:20).

 

Imana yanejerejwe na Nowa yarahaezagiye n’abana ba Nowa Shemu, Hamu hamwe na Yafeti. Barategekwa n’ Imana kwubaka inzu n’ukuvyara abana benshi kw’isi ariho abafise ingeso mbi bri baramaze kuvanwa.

 

“Sinzogaruka kandi ubwuzure bw’amazihose bivanye n’uburake” Imana yabariye Nowa n’ abana biwe (Itanguriro 9:11).  N’uko nshinze isezerano mbasezeraniye  n’uko ibifise umubiri vyose ntibizosubira kurandurwa  n’amazi y’ ulmwuzure ukundi  kandi ntihazobaho umwuzure wo gutikiza isi ukundi raba ibindi bimenyetso biboneka mw’Ijuru (vv. 12-17).

 

 Imana itanga ikimenyetso kindi gifise amabara y’amarangi indwi ca kwiragiye uruhande rumwe kugushitsa kurundi ruhande rw’ijuru. Ivyo vyerekanye yuko Imana itazoshobora kandi gutikiza isi biciye mumwuzure w’ amazi  Ico cari ikimenyetso cerekana ko Imana itazosubira gutikiza abantu n’ivyaremwe vyose biciye mw’uzure. Iryso ryari isezerano hagati ya Nowa n’ Imna.

 

Abantu bari kwikanga bibaza ati abantu bangahe bobaye kwisi barindiriye ico kimenyetso. Mugihe twabonye ico kimenyetso c’uguhagarika imvura Benshi murabo biyumvira kwihana no kugaruka ku Mana yabo  n’ukugarukana inkomezi nyinshi  zogufata.  Bibliya itubarira ko nivyiza kwihana no gushikira I Yubile 120 canke iya 6000 kubera isi yaravumwe n’itongo rya edeni ryarugawe.

 

Imana ubwambere yagize imigendereranire na Adamu. Adamu na Eva bahabwa itegeko ry’ukutarya kugiti c’ ubugingo (Itanguriro 2:16-25). Vyerekana ko Adamu yacumuye no kubijanye n’ icaha abantu baciye barwa imbere y’ Imana no kwirukanwa mw’ itongo ivyo vyerekana umugambi w’Imana ko wozigamwa.

Kandi isi yononywe mugihe ca Nowa, ariko Imana yagize Isezerano na Nowa (v Itanguriro 6:18; 9:9-17; Yesaya 54:9). Inyuma ya Nowa Imana yarashize ho isezerano hagati mubntu kugirango barikoreshe nk’akarorero  kumahanga  menshi, kubera iryo sezerano  turashobora kwiga vyinshi turavye imigani ya Aburahamu.

 

Dufashe isezerano ry’ Imna turaronka ubugingo budashira kandi iyo twononye iryo sezerano tuzopfa atakabuza (Abaroma 6:23). Kuva mubihe vya Kristo umubatizob wacu niryo sezerano ryacu. Uyu mubatizo ugereranywa n’ugukebwa kwa Isirayeli. Rero ugukwebwa kw’umubiri gusa n’ugukebwa kw’imitima.

 

Abana ba Nowa

Abana ba Nowa basohose m’ubwato na bo ni Shemu, hamu na Yafeti. Hamu niwe yari se ikanani bivuye murabo bana isi yarasubiriye kugwioririkana kandi (Itabguriro 9:18-19).

 

Nowa yarumurimyi mwiza cane kandi yateragira ivyamwa vyiza cane. Igihe kimwe Nowa yaranyoye vino hanyuma umuhungu wiwe w’inpfura agira ikintu kitabereye nagatoya asinziriye bivanye na ya divaye. Nimba Nowa yarahagurutse n’ukumenya ico uwo mwana yako ze yarashavuye aca aravuma uwo mwana Kanani umwana wa Hamu n’ukuvuga kanani azabe  umukozi wa bene wabo. Nukuva ico gihe Nowa yaciye ahezagira abana ba Shemu na Yafeti (Itanguriro 9:20-27). Uyu muvumo wa Kanani wa r’umuhezagiro wa shmu ningombwa vyari gushitka kuruvyaro ruzoza kumahanga.

 

Nowa yapfuyre afise imyaka myinshi

Nowa yabayeho imyaka 350 inyuma y’ umwuzure w’amazi (Itanguriro 9:28) murico gihe ya sigura kubijanye n’ingendo z’Imana bene n’ivyo y’ipfuza mugihe cose yaronkera umwanya (2 Petero 2:5) bivanye nawe besnhi barihanye kandi n’abandi benshi barizeye  inkuru ziwe kubera Imana n’ umugambi wiwe be n’amabwiriza yiwe. Mu mibereyeho yabo abantu benshi babayeho kure yabandi  n’abandi batigeze bizera  no gufata minenerwe ubugingo bwabo mubugombe bw’ Imana.

 

Imana yahaye Nowa ubuzima burebure, naho Nowa yabayeho imyaka 950 munyuma yaho arapfa (Itanguriro 9:28-29).

 

Ako nakaryo ko kubaho ubuzima nkubwo tugereranije n’ubuzima tubayeho muriyi myaka ubu bugingo bwokubaho gurtyo bwo kwihana ivyaha vyacu  no kugaruka k’Umwami wa cu yesu no kjuyrondera Imana munzira zayo zose  baba banejerejwe n’ubuzima bwiza cane.

 

Bazobaho neza nkumutima ufise ubuzima (1Abikorinto 15:44-45, 53) no hagati yabo bazotangura ubuzima bwiza nkubwo nka bafise ukuri kw’isi hambavu ya Yesu kristo mugihe c’ imyaka 1000! – (Ivyahishuriwe 2:26-27 na 5:9-10).

 

Ivyo nibintu vyiza Imana yateguriye barya ba mukunda . Ingene Nowa yabariye abantu kubwa mabwirizwa y’ Imana kubwa majalmbo n’ibikorwa dukore ivyo uno munsi. Sikure cane imbere Mesiya azogaruka bidatevye  kandi turabona ko inkomezi z’isi zigiye kurandurwa kubera ukutarangura igikorwa neza  igihe c’ukwihana n’uguhinduka niki nyene.

 

 

q