Amashengero Rukristo y’ Imana

[CB3]

 

 

 

Mpwemu Year N’iki?

 

(Ivyanditswe 2.0 20021102 – 20061227)

 

Mpwemu Yera n’ububasha,n’inkomezi  z’ubushobozi bw’Imana (a power of God). Mpwemu Year s’umubiri (not a person). Munzira za  Mpwemu year turamenya Imana Imwe Rudende kandi y’Ukuri n’umwana wiayo Yesu Kristo. N’i munzira ya Mpwemu Yera gusa, niho dushobora kuba abana b’Imana no kuzuka mubapfuye (Kubera bose barongorwa na Mpwemu w’ Imana, abo nibo bana b’Imana).

 

 

 

 

Christian Churches of God

PO Box 369,  WODEN  ACT 2606,  AUSTRALIA

 

E-mail: secretary@ccg.org

 

 

 

(Copyright ã 2002, 2006  Wade Cox)

(Tr. 2008)

 

Izinyigisho zirashobora guhindurwa k’ubuntu no gutangwa kumategeko  yuko zishobora guhindurwa nkuko  zimeze atakugabanywa canke guhindurwa  ukundi. Izina ry’umwanditsi n’ibimuranga bitegerezwa kwubahirizwa n’ukwerekanwa .Ntakiguzi canke itangishwa ry’amafaranga mugihe c’ugusubiramwo zino nyigisho cnke mugihe c’ugukwiragiwa mumajambo magufi zirashobora gusubirwamwo mumashuri no gusobanura utarinze gukurako ububasha n’uburenganzira.

 

Izinyigisho urashobora kuzisanga muri bwaburyo bwa internet

http://www.logon.org and http://www.ccg.org

 

 


Mpwemu Yera n’iki? [CB3]


 

Gusobanukirwa neza canke gutahura ivya Mpwemu yera ningombwa ko tumenya Imana Imwe Rudende kandi y’Ukuri (Eloah) n’Umwana wayo yesu Kristo. Kuva muri Bibliya turabona ingene ingene Data n’ Umwana bameze n’isano canke ingene bakorana muri Mpwemu Yera (N’ukuvuga Mpwemu Yera nirwo rugingo rwa Data n’ Umwana turabona y’uko Imana ihereza abantu Mpwemu wayo (Kubwivyo turazi yuko tuba muriyo nawe akaba mu twebwe, kubera yaduhumekeyemwo Mpwemu wayo).

 

Mpwemu w’umuntu canke ikintu canke ikintu kiri kure c anke icitandukanije co nyene canke icagabuwe canke ikiri kure na kure canke kimwe kimwe ubwavyo catandukanijwe  canke igishobora gutandukanywa n’Imana  Imwe y’Ukuri na Yesu kristo Umwami oya n’ukuri. Ntushobora gutandukanya Imana na Yesu Kristo kubwivyo Mpwemu s’umubiri. Abandi baravuga Imana ishitswa m’ubuntu butatu. Umwana na Mpwemu Yera. Uko n’ukwizera  kwitwa Ubutatu Bweranda (Trinity). Izi s’inyigisho nziza kubera turazi yuko Imana n’IMWE kandi si zitatu. (Gusubiramuvyag 6:4; Abanyef 4:6) Mpwemu Yera n’Umutima w’mana (Abarom 8:14) Imana iduha Mpwemu Yera wiwe kugira tubashe kumumenya no gukura kugirango duse nayo (2 Pet 1:3-4).

 

Mukindi gihe Mpwemu Yera yitwa Mpwemu w’Ububasha canke Mpwemu w’Imana. Irizina ryerekana ko arikintu CERENDA canke Ubweranda Mpwemu Yera ntashobora gutembera no kwinjira  muri twebwe  mumwanya turiko turakoma amaruru canke kuvuza induru.Mpwemu Yera ndatembera y’ipfuka ishuka yera kugirango atweze . Akora akazi mumitima yacu no mubwenge bwacu. Nijambo xiyumva mumubiri  ariko s’ijambo ribonwa n’amaso.Twipfuza gukora ibintu vyiza kandi twomenya ko Imana igomba ko twokora iki n’ukuvuga tuzomenya ubugombe bw’Imana muri twebwe turongorwa na Mpwemu Yera  s’ikintu c’ugutinya  canke cogutera ubwoba. Imana ntiyaduhaye Mpwemu w’ubwoba  ariko yaduhaye Mpwemu w’inkomezi n’urukundo ( 2 Tim 1:7).

 

Mpwemu yera  yiotwa Umufasha (Yh 15:26) Mpwemu Yera aradufasha kugirango tubashe gutahura Bibliya n’amajambo y’Imana. Mpwemu yera aratwigisha kumenya ukuri na Mpwemu yera  niwe Ukuri (Yn 14:16-17,26;16:16; Yh 4:6;5:6). Mpwemu Yera niwe azi amajambo yose (Umurongozi) (1 Abikor 2:10-11) muri Mpwemu Yera niho inzira yonyene ishobora kuduhindura abana b’Imana. (N’ukuvuga muri Mpwemu Yera nitubasha gucika abana b’Imana) (Abigal 4:6-7; Abarom 8:14). Kristo aradufasha, akatwigisha n’ukuduhumuriza munzira y’uguca muri Mpwemu Yera. Izi n’inkomezi z’Imana ziba muri twebwe no meuri Kristo. Nimba ar’ inkomezi z’umunyinyano  witunyinyura kuja ku Mana biciye muri Kristo( Abah 7:25). Mpwemu Yera ntabonwa n’amaso.

 

Mpwemu Yera avugana natwe mugihe tuba turi mumagorwa canke mumarushwa atandukanye (Mt 10:20) Bisigura ko atwigisha  gushira amajambo yayo mubwenge bwacu no mukanwa kacu amajambo y’inkira kamaro kandi abereye kuvugwa  ayo twebwe tutazi.Imana itanga Mpwemu Yera kuri barya bwa musaba (Lk 11:9-13).Ariko ningombwa ko tumwubaha ubwambere. Mpwemu Yera abana nabarya ba bubaha mab wirizwa y’Imana (1 Yoh 3:24; Ivyak 5:32).

 

Mugihe twatuye no kwihana ivyaha vyacu no kubatiwa  turakira Mpwemu Yera muri twebwe ( Mt 28:19; Ivyak 2:38) vyerakana aya majambo mugihe bishitse; Umwe mubakozi b’Imana arambikakw’ibiganza  kumutwe w’umuntu yabatijwe no kumusengera kugirango aronke inkomezi za Mpemu Yera. Amaboko y’Umukozi w’Imana siyo ifise  Mpwemu Yera. We n’umuntu kandi ntabubasha b wiwe afise bwo gutanga Mpemu Yera. Bisigura ko we arasenga Imana ihe  uwo muntu  yabatijwe  no kwihana ivyaha vyiwe Imana imuhe Mpwemu Yera.

 

Nk’abakristo dutegerezwa kubaho muburyo Kristo yabayeho no muburyo Intumwa zabayeho. Turazi ko baziririje Isabato n’ukuyubaha n’iminsi myeranda (Ivyakozwe n’Intu 2:1; 2:6; 7:9; Bko 2:16) Kumenya n’ugutahura ico Imana ivuga ivuga muri Bibliya. Ntibihagije kutugira kuronka tudakora Ivyanditswe.Ningombwa ko dukora birya vyose Imana idutegeka nimba dufise Mpwemu  w’Imana no kuja mu nzira Imana idutegekeka. Dutangura kwerena ivyamwa vya Mpwemu Yera mu bikorwa vyacu vyaminsi yose dukora  no kubaho kwacu. Turashobora gusoma kuribi  ibivyose   (Abigalatiya 5:22-23). ukundo nico camwa gikuru ca Mpwemu; ariko vyose bihera mukumenya ukuri nomukukwizera (1 Abikor 13:13).

 

Inyuma y’umubatizo duca dutangura inzira y’ukubaho mubuzima bushasha munzira ya Yesu nkuko we yabayeho.  Ntitwakira Mpwemu Yera k’ubwibikorwa vyiza tubatwakoze  ariko tumuronswa aruko twubaha Amabwirizwa  no kugendera mu vyagezwe vyayo vy’Imana naho Mpwemu Yera aba ari muri twebwe (Yak 2:14-18). Ukuri n’uko Mpwemu Yera muri twebwe akeneye ko dukora bikorwa vyiza  no kwubaha Imana. Naho tuba tutarabatizwa kubera yuko tutaba turashitsa ibwirizwa ry’ukubatizwa kubera ubwana. Mpwemu Yera arabandanya atuzigama gushikaho dushikira  ikiringo c’c’ukuba abantu bazima no kwatura ivyaha vyacu no kubatizwa nimba twubaha abavyeyi  no kubizera. Ariko ningombwa ko twubaha abavyeyi bacu m’Uhoraho. (Abanyef  6:1-2)

 

Kristo yavuze ati yari mu Mana n’Imana yari muri we (Yn 17:21-23). Ibi birashoboka gusa muri Mpwemu Yera w’Imana. Kubwivyo iyo tumaze kugira Mpwemu yera Imana iba hagati yacu na Kristo nyene abamuri twebwe (1 Yoh 4:13). Uko niko Imana y’ipfuza kuba hejuru yavyose  no murivyose umusi umwe. (Abanyef 4:6; 1 Abikor 15:28) Ariko murico gihe twese tuzoba muburyo bwivyaremwe vyo muri Mpwemu kandi ntituzoba kandi muruyu mubiri w’inyama n’amaraso runtu.

 

Mpwemu Yera nirwo RUGINGO kitwunga twese hamwe, ibuka Mpwemu Yera s’ikintu c’ukwumva canke co gukora n’amabiko .Turazi Mpwemu Yera yuko ahari canke atawe bivanye nabirya biri mubwenge bwacu  n’ingene tugenda. Ingendo zacu uko tugenda nico gipimo c acu c’ukuba na Mpwemu Yera canke kutagira Mpwemu Yera (Abigal 5:16-18).

 

Kugira Mpwemu bisigura ko dushobora kuvugana n’ Imana mumasengesho. Mugihe dusenga ningombwa ko dusengera imitwaro yacu mw’Izina ry’Umwana wayo Yesu kristo (Mt 6:6; 9-13; Lk 11:12). Kubwivyo tuvugana na Data biciye mu Mwana wayo. Bisigura ko Yesu amaze nk’Umuntu arihagati  nimba tutazi uburyo bwogusenga nkuko bimeze. Mpwemu Year.

 

Wenyene aradufasha muntege nke zacu kandi aradusengera muburyo bwacu nkuko Data akunda Hamwe n’ivyo Mpwemu nawe aradufasha mu ntege nke zacu kubera tutazi gusenga nkuko bimeze ariko Mpwemu wenyene aradusengera muburyo bw’ingwara tudashobora kwatura (Abar 8:26). Imana yonyene irazi ivyiyumviro  biri mumitima yacu n’ivyovyose twiyumvira mubwenge bwacu . Kubwivyo Imana irazi imitwaro yacu ivyo Mpemu adusengara kuruhande rwacu. Mpwemu Arasengera aberanda nkuko Imana ikunda (Abarom 8:27).

 

Kristo n’akarorero k’ingene Data yakoze no kuvugana kubw’Imana (Yh 3:34) Kubera afise Mpwemu Yera w’ Imana aba muri muri we Ariko we sico kimwe n’Imana Imwe Rudende kandi y’Ukuri; ari kure kandi yaremwe n’ Imana Imwe no kuru,gikwa hano mw’Isi nk’umuntu kukiringo kigufi canke gito (Yn 5:23). Bose Data n’Umwana bari kure ariko bose n’Umwe kubera bafatanije mu migenzo mukungana kukurema Muri Mpwemu Yera Kristo yavuze ati “ Ubonye jewe, uzoba ubonye Data” (Yn 14:9).

 

Imana ntishobora gucumura ariko Kristo arashobora. Kristo yarageragejwe  gukora ikosa ariko yarahisemwo kutagira ikosa, kubera yarubaha Imana yiwe ariwe Se wiwe (Mt 4:1-11) Yaranesheje ibigeragezo vyari kumuzanira icaha kubera  yaronse inkomezi biciye muri Mpwemu Yera.

 

Mpwemu Yera araduhuza twese hamwe no kuba Ishengero ry’ Imana (1Kor.3:16; 6:19) Imana iduhamagarira m’ Ubwami bw’ Imana kugira tubashe gukora igikorwa twese hamwe . Mpwemu Yera aduhereza twese ingabire nkirakamaro canke aradufasha kugirango tubashe gukora ibikorwa hamwe kugirango umwe wese abashe kuba urugingo rwa mugenzi we. Umuntu ntashobora kugirirwa ibakwe ry’ingabire zose kubwivyo turakenewe gufashanya twese hamwe umwe na mugenzi we mubikorwa, no mubikorwa vy’ukubaka Ishengero murukundo no mu nkomezi za Mpwemu Yera.

 

Ntidushobora kwinjira mubwami bw’Imana tutavyawe ubugira kabiri. Ibi bivana na harya tumaze kubatizwa no kwakira Mpwemu Yera. niho tuvyarwa na Mpwemu n’ibikorwa vyacu vy’ubupfu vyakera  bibabipfuye (Yn 3:3-6). Barya bafise ibikorwa vy’umubiri ntibashobora kunezereza Imana. Kubwivyo iyo tunamaze kuba dufise Mpwemu Yera muri twebwe  Kristo avcaba muri twebwe  hamwe n’Imana ic’iba muri twebwe mu nzira ya Mpwemu Yera (Abarom 8:8-10).

 

Kubwivyo Mpwemu Yera aratwigisha no kuduha ubugingo bushasha. Naho turi mumubiri runtu  ntituba tukiri muribwabuzima bwoi mwisi bumwe abantu b’isi babayeho ariko ningombwa kugirango duhinduke  no kuba mubugingo bushasha bwo muri Kristo (Abanyef 4:17-24).

 

Abantu benshi ntibitondera no kwubaha amabwirizwa y’Imana  n’ivyagezwe vyayo.Inyuma yivyo bahimbaza iminsi mikuru y’igipagani no gusenga ibigirwa mana vy’ububeshi. Ariko barabeshwa na satani  n’Imana ntirabahishurira kumenya  amajambo Yayo. Kubwivyo s’amakosa yabo ahubwo Imana ntirabacira urubanza. Twararetse inzira ngiyi y’ukubaho mugihe twatura ivyaha vyacu n’ukwihana n’ukubatizwa ntidushobora gusubira kandi mubuzima nkubwo.

 

Mpwemu Yera aduheba iyo dukoze icaha (1 Abites 5:1; Abanyef 4:30) mugihe twakiriye Mpwemu year niho tumenya Imana kuruta be n’umugambi wayo w’agakiza iwacu. Ariko dusubiriye ivyaha niho y’amabanga y’Imana aheza akatuvamwo na vyabindi vyose vya kra biheza bikagaruka (2Tim 1:14) Twibajije gukora bimwe Imana idashaka aho niho duca dutahura ko Mpwemu Yera atuvuyemwo no kudusiga tugaragara  Imana iravuga ntazoduta canke ngo tubure (Gusub 31:87; 1 Abam 6:13; Yesay 42:16; Abaheb 13:5) Ariko Mpwemu arashobora kuzimwa canke gushavuzwa (1Abites 5:19; Abanyef 4:30) Dutazira Imana munzira ya Mpwemu Yera (Abiflp 3:3) Kubwivyo Mpwemu Yera  s’ Imana kandi ntituyitazira Mpwemu Yera  Kandi ntidutazira Yesu Kristo nimba tuzi neza ko ar’Ulwana w’Imana Imana irikumwe natwe natwe turi muriYo muri Mpwemu Yera wayo (1Yn 4:15).

 

Abantu bo mw’isezerano rya kera  nabonyene bamenye kuvyereke Mpwemu w’ Imana. Barashingiwe intahe n’ ukubaho kwa bamarayika ba Yehova. Baramenye ko atar’Imana Imwe y’Ukuri yavugana nabo; n’urya babonye nkuko tubizi ko kukubaho kwuyu  Malayika w’ Imana umwe yabaye na Musa  na Bana ba Isirayeli hariya mu bugararwa  niwe yavyawe nk’umuntu Yesu (Raba icigwa ca Yesu ni nde? [CB00]).

 

Abavugishwa bose bagendewe na mpwemu w’Imana mu nzozi canke muguhishurirwa. Uwo Mpwemu yabicisha ku mumarayika wa Yehova. Uhorabo yaraje kwa Aburahamu mu kwerekwa (Itanguriro 15:1); Uhoraho yamagaye Haruni na Miriyamu (Guharura 12:6); Mpwemu w’Imanaaza kuri Balaamu (Guharura 24:2); Uhoraho ahamagara; Samweli (1Samweli. igice ca 3). Yesaya yeretswe ubuvugishwa  (Yesaya 1:1). Ijambo ry’ Imana riza kuri Yeremiya  (Yer 14:14); Ezekiyeli yarabonye iyerekwa ry’ Imana (Eze1:1); Daniyeli yarahawe inzozi (Dan 2:19) hamwe n’ibindi vyari kubavugishwa bose bakera.

 

Bibliya  iravuga Mpwemu y’Umwana w’Umuntu iratandukanye cane rwose na Mpwemu w’ Imana. N’ink’umwuka ningabire c’ubuzima biva ku Mana. (Zeka 12:1) ni y’ Imana (Itanguriro 6:3; Ayubu 11:11; 27:3; Mt 20:27) Iyo dupfuye umutima w’umuntu uradusiga (Zab 146:4) igaruka ku Mana (Umusig 12:7) Imana mugiye yareùma Adamu yaramuhumekeye mumazuru  impwemu y’ukubaho na muntu aba uwifise ubugingo (Itanguriro 2:7, 1 Abikor 15:45).

 

Kubwivyo  iyi Mpwemu iri mu mumtu sibwo ububuryo buba buri mw’ijuru mugihe dupfuye.Bibliya iravuga umuntu aba afise ukubaho kubaho n canke umuntu .Iyi mpwemu irashobora gupfa (Eze 20:18) Bibliya mugihe iriko iravuga kubera iyi mpwemu iravuga c ane cane  ubuzima bw’umubiri. Mpwemu risobanura ikiremwe canke umuntu, cenke ubuzima Bose vyaba ibikoko canke umuntu bose bapfa urupfu, rumwe ariko umwana w’umuntu azobaho kandi (n’ukluvuga inyuma yizuka).

 

N’ukuvuga umutima uri mumubiri w’umuntu niwo utandukanya umuntu n’igikoko Kubwivyo umutima w’umuntu ntushobora kubonwa n’amaso canke nkuko dushobora kubona  impwemu zacu  ariko turashobora kwunva impwemu zawcu. Nkuko tuadashobora kubona Mpwemu w’Imana; ariko twumva ukwubaho kwayo muri twebwe kubera dusabwa kwubaha Imana.

 

Mpwemu w’Imana nico kimwe n,’umuyaga (Yn 3:8) murundi ruhande nico kimwe na mpwemu. Yesu mugihe yapfa hejuru y’igiti yaramuhamage Se wiwe mw’ijuru; Data mumaboko yawe niho nshize Umutima wanje.Amaze kuvuga ayo majambo niho yaciye ahema impwemu ya nyuma (Lk 23:46) kubwivyo niwo mutima abantu bose bafise, umutima usubira ku Mana mugihe upfuye  yarashize ubugingo bwiwe mumubako  SeWiwe Yesu yarazi yuko ategerezwa kandi kubaho ubuzima runtu. Ni Se wiwe gusa yategerezwa kumuha ubugingo bushasha  Kubwivyo muri Mpwemu Yera Imana yarazuye Yesu kuva mubapfuye (Ivyako 2:32,33). Muriyo nzira nyene yazuye Umwana wiwe niho natwe tuzozurwa tunvuye mubapfuye  kugirango tubashe kubaho kandi mubugingo bushasha (Abaroma 8:11).

 

Yesu mugihe yari mw’isi yujujwe  inkomezi za Mpwemu Yera. Kubwivyo kubera ko yarongorwa na Mpwemu Yera yakoze ivyo ivyo Data yamutegetse gukora  (Lk. 2:49) Kristo yavuze ati ntiyari gushobora gukora ijambo narimwe wenyene atri kumwe na Data.( Yn 5:30) Yarigishije amajambo menshi abigishwa biwe kubera Imana n’amajambo agiye kuzoba mubihe bizoza (N’ukuvuga amajambo azoza imbere) Yari nkicariho c’Imana kuko yavugana n’Imana Yarafise ubwenge b winshi kandi yarakoze ibitangaza kandi yaraso anuye  inyigisho k’Untumwa ziwe.

 

Ariko iyobatagira Mpwemu Yera ntibari gushobora gutahura Mpwemu Yera n’Ubushobozi bw’Inkomezi z’Imana, hamwe Kristo yasezeraniye kuzorungikira Intumwa (Yn 16:7). Imbere yuko Yesu asiga Intumwa ziwe  akiri mukiringo ca nyuma imbere y’uko asubira kwa. Se mw’ijuru (Ivyakoz 1:10-11) Yasezeraniye abigishwa biwe yuko b atova I Yerusalemu gushikaho barindiiriyeho isezerano rya Data. Yari kwa Data kubaha uwun di mwitsa (Yn 15:26) ivyo vyerekana ko bakiri kumwe nawe  muri Mpwemu Yera umwe bazokwakira  nkuko we ya mwakiriye.

 

Kubwivyo baribagikoraniye hamwe  bose  kumunsi wa Pentekote haza igihinda kivuye mw’ijuru giturumbuka nk’uguhuhuta kw’umuyaga w’inkomezi nyisnhi gikwira hose  munzu bicayemwo habonekera ibirimi vyigabanije nk’ivyumuriro  bibajakumweumwe buzuzwa Mpwemu Yera batangura kuvuga izindi ndimi nkuko Mpwemu yabategetse kuvuga (Ivyakow 2:1-4). Ico cabaye ikimenyetso c’inkomezi bakiriye amaze kubazako hejuru yanyu Mpwemu Yera Umuriro ntiwagira ico ubagira.

 

Mpwemue Yera azobigisha vyose kandi azobibitsa vyose n’ibirimbere azobibamenyesha nkuko Kristo yabigize igihe yarakiri namwe mumubiri (Yn 14:26) Muri Mpwemu Yera Kristo azobafasha no kubazigama no kubatera integer, muvyizigiro no mukwubaka urusengero rw’Imana. rero turabandanya n’ ikigikorwa gushikaho Kristo azogarukira kandi no gushiraho ikimenyetso mugihe c’ugukomezwa  n’imba tuzoba twubaha amategeko y’ Imana n’ amabwirizwa yayo.